Service des visas et des documents : Lundi, mercredi et vendredi de 10h à 12h.

Adresse : Square Marie Louise 46, 1000 Bruxelles Accès : Métro : Maelbeek

S.E. Evariste Ndayishimiye

S.E. AMBASSADEUR ALBERT SHINGIRO

Ministre des Affaires étrangères et de
la Coopération au Développement

THERENCE NTAHIRAJA

Ambassadeur Extraordinaire et Plénipotentiaire

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose kuko yatuzigamye kandi ikarinda Abarundi bose n’igihugu cacu gushika uyu musi utazigera wibagirwa. Imana n’ihabwe icubahiro kirengeye vyose, integuro yayo ni nziza ku Barundi no ku Burundi.

2. Nkako, kuri uno musi uri hejuru, igenekerezo rya 20 myandagaro 2015, turamutse dushikirizwa icese amabanga yo kurongora igihugu c’Uburundi inyuma y’amatora yabaye mu kwezi kwa Mukakaro kw’uyu mwaka nyene.

3. Turashimiye rero bimwe bivuye ku mutima mwebwe mwese mwitavye ubutumire, kuko mwaduteye iteka mu kuba mwaje kudushigikira muri bino birori bihambaye kandi biteye igomwe. Barundi mwese aho mushagaje mu gihugu cacu no mu bindi bihugu, musangwe inganji y’amahoro, umutekano, umunezero n’iterambere mwaraye mudutoreye.

Barundi, Barundikazi,

Batumire bahire, Ncuti z’Uburundi,

4. Turabakeje kw’iteka mwaduteye, iteka mwateye igihugu, eka na mwebwe nyene mwiteye mu kugaragaza ko mumaze gutahura akamaro k’amatora mu gusonera intwaro ya Demokarasi. « Abarundi rero turi abagabo. »
5. Mu kwitaba amatora yose yategekanijwe, mwaranguye igikorwa c’iteka gihambaye co kugaragaza ukwikukira kw’igihugu cacu no gusonera ingingo zipfunditswe n’abenegihugu, mwongera mwubahiriza uburenganzira bwanyu bwo kwitorera inzego zikwiye kurongora igihugu, naho basesankuyoze batari babuze, ariko

Le 11 août 2015, Son Excellence Monsieur l'Ambassadeur Jérémie BANIGWANINZIGO a signé la Charte Européenne de l'Energie de 1991.

La signature s’est effectuée dans les locaux de la Energy Charter Secretariat à Bruxelles, en présence du Secrétaire Général de l' Energy Charter, le Dr. Urban Rusnák ainsi que Madame Lineke den Ouden, qui représentait le Royaume des Pays-Bas.

En signant la Charte Européenne de l'énergie de 1991, le Gouvernement du Burundi a commencé sa première étape vers une adhésion complète à la Charte Européenne de l'Energie. Dans son discours,l'Ambassadeur a confirmé l'intérêt de son pays pour la Charte de l'Energie.

Dans le but d'un bref processus, un agent détaché du Burundi va rejoindre le Secrétariat en Septembre 2015 pour préparer les rapports d'adhésion.

Barundi, Barundikazi.

1. Imbere ya vyose, Twagomba tubanze tubasabe mudufashe dushimire Imana Rugiravyose yo itanga ubuzima kandi ari nayo yo nyene ifise uburenganzira bwo kubusubirako.
2. Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 02 Myandagaro 2015, aho Abarundi bari bazindutse baja guhimbaza Imana, hari abandi bobo bazindukiye kwitegurira gukora ishano. Abo nabo bahekuye Uburundi.
3. Mu gitondo co kuri uyu musi w’Imana, Intwazangabo Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana, yahitanywe n’ibisasu vy’abicanyi, bamwe ata kindi barota atari ukwamiza igihugu mu maganya no mu marira.
4. Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare n’iz‘igipolisi bari basanzwe bakorana bafatanye munda hamwe nabo bahora bakorana mu biro vy’Umukuru w’igihugu.
5. Uburundi burabuze umugabo w’ijunja n’ijambo kuko Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana yari intwari koko.Yaritanze bidasanzwe mu gukora atiziganya kugira hatebe hashingwe inzego z’umutekano zihurikiyemwo abarundi bose Uburundi bufise uno musi.
6. Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.
7. Tuboneyeho n’akaryo ko gusaba Imana ko yotuja imbere, kugira