IJAMBO NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU ASHIKIRIJE ABARUNDI N’ABABA MU BURUNDI TWIBUKA IMYAKA 57 IRANGIYE UBURUNDI BURONSE INTAHE YO KWIKUKIRA
Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;
1. Imbere ya vyose nagomba mbanze nshimire Imana Mushoboravyose, umuremyi w’ijuru n’isi yaturemeye Igihugu cacu ciza c’Uburundi kandi igatako ikakizigama gushika uyu musi.
2. Uyu musi imyaka 57 irarangiye igihugu cacu gihabuje intahe yo kwikukira. Kuva mu 1962 ni ho Uburundi bwacu bwigobotora mu vyara vya bakavamahanga baducura bufuni na buhoro maze buhagurukana ubugabo burikukira. Ibendera ry’I gihugu cacu riraduzwa, rirahungabana, ibendera ry’abanyamahanga riramanurwa. Ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu rurasamirana mu Burundi no mu makungu.
3. Nagira rero mfate aka kanya ngo nipfurize Abarundi bose umusi mukuru mwiza wo kwikukira. Ubabere umusi mwiza aho muri hose, umusi wo kuzirikana agaciro k’Igihugu canyu.
4. Nico gituma twagomba tubanze kubasaba gusubiza amaso inyuma, turabe kahise k’Igihugu cacu, turabe uko Igihugu cari ciyubatse, ingorane cagize, kugira dutahure ivyo turiko turacamwo ubu, hanyuma dutegure Uburundi bw’ejo tuzoraga abana bacu, abuzukuru n’abuzukuruza.