IJAMBO RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU AHO IMYAKA ITATU IRANGIYE ASUBIYE KWIZERWA NGO
ARONGORE UBURUNDI
Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;
1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yama izigama Uburundi n'Abarundi, kandi idushikanye kuri uyu musi aho turamutse duhimbaza imyaka itatu iheze Abarundi basubiriye kwitorera inzego zizobarongora gushika mu mwaka w’2020. Nihabwe Icubahiro birayibereye.
2. Hari kw’igenekerezo rya mirongo ibiri Myandagaro umwaka w’2015, aho twashikira icese amabanga yo kurongora Uburundi, inyuma y’amatora yabaye ku mugaragaro, mu mutekano no mu kwidegemvya ntangere.
3. Kuri uno musi turamutse duhimbaza imyaka itatu irangiye dusubiriye kwizigirwa n’Abarundi isinzi, Ijambo dushikiriza ryerekeye Abenegihugu bose, abari mu migambwe n’abatari mu migambwe. Ku kaba nkako, twatowe n’Abarundi baturuka mu mirwi n’imirimo itandukanye, kandi twarahiye ko tuzotwarira Abarundi bose.
4. Turipfurije Abarundi bose, umusi mukuru mwiza w’intsinzi ya demokarasi mu gihugu cacu c’Uburundi. Tuwuhimbaze tuzirikana uruhara umwe wese yogira mu gutsimbataza demokarasi kugira ntihagire uwuzosubira gucutsa umutima wo kuvuguruza Abenegihugu. Kuvuguruza Abenegihugu kibe ikizira kiziririzwa; bibe umuziro.
5. Uyu musi udasanzwe kuri Twebwe no ku gihugu, ni akaryo keza ko gukengurukira Abarundi bose batwizeye, twongera tubakeza k’ubwitonzi bagaragaje ku kurangura igikorwa c’iteka co kwitorera indongozi. Intsinzi turiko turigina uno musi, ni intsinzi y’Abarundi bose, ni intsinzi ya Demokarasi.
6. Birahimbaye cane ko duhimbaje uyu musi mukuru mu gihe amahoro, umutekano n’impore bisasagaye mu mpande zose z’igihugu cacu, abantu bishira bakizana kandi bitaba imirimo yabo ata nkomanzi. Ivyo tubikesha ingendo nziza yo gusenyera ku mugozi umwe isigaye iranga abarongozi mu bisata bitandukanye, abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane n’Abenegihugu. Turabakeje kandi turabakengurukiye, ni mukomere ku muheto.
7. Turakengurukiye kandi abakunzi b’Uburundi baterereye agacumu k’ubumwe kugira dushike ku ntambwe nziza tugezeko uno musi muri demokarasi, mu gutorera inyishu ibibazo vya poritike igihugu cacu cagiye kiracamwo, mu kuvugira neza Uburundi mu makungu, no mu kudusahiriza mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere.
Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;
8. Muri iyi nzira itazimiza ya demokarasi twafashe, ikituraza ishinga na ntaryo ni ukubona Abenegihugu bose batunganirwa kandi bagatunganirizwa ata wanrya wangura, bakumvikana, bakama baja inama n’ingingo, bagasenyera ku mugozi umwe, bagasabikanya nk’abasangiye ikivi n’ikigega, bakazirikana ko ico bapfana kiruta ico bapfa.
9. Twiyemeje kunywanisha Abarundi, gushira imbere ya vyose urukundo, ukwuzuzanya no gusabikanya, ibikorwa, imigenzo myiza, ukwubahana, umuntu wese akarya ivyo yabiriye akuya. Twipfuza ko Abarundi bozirikana kandi bakagendera Ubumwe, bakama bibuka ko basangiye Uburundi ari bwo buraro n’uburamuko, basangiye gupfa no gukira, ko aribo babazwa ivy’igihugu cabo kandi ko kuba Umurundi ari iteka Imana yaduteye, tugaheza tukama twirinda kuyimanuza.
10. Benshi muracavyibuka, amatora yo mu mwaka w’2015 yagenze neza cane, Abenegihugu bakunda igihugu baratamba baratarika, abansi nabo aho bari hose barajumararirwa, babura ayo bacira n’ayo bamira. Abari biteze ko tumaramara, tukiha amenyo y’abatwenzi, nibo baruhiye kumaramara. Bari bibagiye ko: « Umwansi agucira icobo, Imana ikagucira icanzo », kandi, ko « Agati gateretswe n’Imana kadahenurwa n’umuyaga». Vyongeye ntitwahengeshanije kwama dukebura intumva ko abazotega imitego Uburundi n’Abarundi aribo bazoyigwamwo.
11. N'ejo n'ejo bundi, mubimenye mubimenyere ko uwuzohirahira agashaka gusambura inzego zitorewe n’Abenegihugu, azokwama agwa mu mitego azoba yateze wenyene. Imana yo mw’ijuru ni yo cabona.
12. Ntibikiri agaseseshwarumuri, twaramaze gufata inzira ya demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi, kandi turabigendera. Akarorero ka hafi, ni amatora aheruka y’Ibwirizwa
Shingiro, aho Abenegihugu mu butandukane bwabo, biyegeranirije uburyo, baratunganya amatora, barayacungera, aba ku mugaragaro mu mahoro n’umutekano mu gihugu cose.
13. Turasubiriye gukengurukira cane Abenegihugu bamaze kumenya iyo bavuye, aho bageze n’iyo bariko baraja, turavye ishaka bafise mu guterera amatora yo mu mwaka w’2020.
Baba Abarundi baba mu Burundi canke ababa mu mahanga, biraboneka neza ko tumaze gutahura akamaro nta ngere ka demokarasi n’inyungu zitandukanye ziyikomokamwo turimwo kandi twibonera mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.
14. Turamaze kandi gutegera akamaro k'igihugu catwibarutse, kikaturera kandi kikadukuza, tukamenya ko dukwiye kugisubiriza mu ndumane mu kugikunda, kugikorera, kukibungabunga no mu kugiteza imbere kugira ngo tuzokirage abo dusize gitunze, gitunganiwe kandi kirangwamwo iteka n’itekane.
Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;
15. Umugambi wo kuzirikana igihugu uzokwiharahanga imyaka itatu ushingiye ku civugo ngo : « Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja ». Intumbero nyamukuru ni ukugira Abarundi duce ubwenge, dukanure tubone, ntitugenze umutwe nk’uruyuzi, ntitujane nyabahururu, ntitwinjire ikibira tutazi ngo duhave duca inkoni tutazi, twumvirize kugira dutegere, tumenye ko twambaye ikirezi cera tubonereho kwirinda kucanjanjwako.
16. Uwo mugambi wo kuzirikana igihugu uzodufasha gushira mu ngiro Umugambi wo kumenya Ukuri no Kunywanisha Abarundi no kuba abanyabwenge mu buzima bwacu ngaha kw’isi. Ntitwokwibagira kandi ishirwa mu ngiro ry’Umugambi wo Gushigikirana uherutse gutanguzwa mu gihugu cose, kandi tuzokwama duhimbaza ku musi wa gatandatu wanyuma w’ukwezi kwa Mukakaro uko umwaka utashe.
17. Izo nyigisho kandi zizotubera ikiraro, ubukerebutsi n'ishaka vyo kugira urunani rw'intamenwa, zongere zitubere impamba mu rugendo rwo kurangura imigambi y'iterambere iri mu Mugambi mukuru w'igihugu mushasha w'imyaka 10 Abarundi duheruka kwitunganiriza, no mu yindi migambi izowukurikira muri kazoza.
18. Ivyategekanijwe muri uwo mugambi nyene, ni vyo bizodufasha gushika kw'ihangiro twihaye ry'ingene igihugu cacu coba kimeze mu mwaka w’2025. Dusabwe rero kuwijukira twese, tugakora ivya poritike tutibagiye ibikorwa vy'iterambere. Nkako abantu babeshwaho n'ibivuye mu maboko yabo.
19. Ni co gituma dutegerezwa kubandanya inyubakwa rusangi, tukiyubakira amashure, ibitaro n'amavuriro, amabarabara, ibiro vy'indongozi, ibibuga vy'inkino, ibigwati, amazi ya rusengo, amasoko, amasengero n'ibindi. Tuzobandanya kandi ibikorwa vyo kugwiza umwimbu kugira tugwanye inzara, tugarukire ibiterwa njabukamazi nk'ikawa, ipampa, icayi, ivyamwa, n'ibindi bishobora kwinjiza amahera y'agaciro.
20. Mu bijanye n’iterambere ry’Igihugu, Umugambi mukuru w'igihugu mushasha w'imyaka 10 uzodufasha kubanguka kurusha ukwo vyahora. Iruhande y’ukubanguka, abipfuza kuzana imitahe mu Burundi, canke kudusahiriza mu migambi itandukanye, bategerezwa kwisunga uwo mugambi wonyene. Uwo mugambi ugiye kwandikwa mu Kirundi, wongere ube kimwe mu bigabane bigize za nyigisho zo gukunda Igihugu, gutyo Abarundi tugende aho tubona neza.
Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;
21. Demokarasi ni imwe mu nkingi z’Amahoro n’Iterambere rirama. Kugira ishinge imizi mu Burundi, ng’ibi bimwe muvyo duhamagariwe gukora:
- Kwijukira tukongera tukagira rwacu Umugambi w'Igihugu w'Umutekano; tukawucungera aho tubaye no ku mbibe z'igihugu.
- Kwirinda insaku n’ibihuha, kwima amatwi, kwamirira kure no gushengeza ba sesankuyoze na ba mpemukendamuke badahengeshanya kwambika ibara Igihugu cacu no kuryanisha abonse rimwe.
- Gusubiza iteka imico myiza yamye iranga Abarundi kuva kera na rindi, kandi tukamirira kure ico cose codusubiza mw’ihumbi haba mu mvugo, mu nyandiko canke mu ngiro. Twame tuzirikana wa mwibutsa ngo « Ingeso y’Urugo ntiyubaka urundi » ; na kare ngo « Ingendo y’uwundi iravuna ». Vyongeye basokuru barayamaze ngo « Uta Akaranga ukaba utaye Akabanga ugatorana akaranda ».
- Kumenyera kwitegurira amatora n'uburyo bwacu, tutarinze kuzera inze. « Amazi masabano ntamara imvyiro », kandi « Umugabo ahaga amazi ayivomeye ».
- Gusoma neza amategeko agenga imigambwe, tukayigisha abanywanyi bacu kandi tukayubahiriza igihe cose, na cane cane mu gihe co kwitegurira amatora n’inyuma yayo.
- Kwubaha no kwubahiriza amateka n’amategeko atunganya inzego n’ayagenga ibisata vyose bigize ubuzima bw’Igihugu, tudasize inyuma amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu.
- Guhimiriza Indongozi zo mu bisata vyose vy’ubuzima bw'igihugu kwama ziri maso, zikabera akarorero abo zirongoye mu kwubahiriza amategeko mu mirimo yabo ya misi yose, kandi zigafata ingingo zibereye igihe cose bibonetse ko hari amategeko yarenzwe.
- Gutegura imigambi kandi tukirinda kuyicira hagati. Dutegerezwa gushitsa ivyo twasezeraniye abenegihugu.
- Gusonera agateka ka zina muntu no gutsimbataza Ubutungane buzira nkunzi na mpinga yanje.
- Kwijukira ibikorwa vy’iterambere rusangi, kurwanya ibiturire no gusesagura itunga rusangi.
Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;
22. Uyu mwaka w’2018 twawise umwaka wo gufata ingingo. Turasubiye gutera akamo Abarundi bose, na cane cane abarongozi mu nzego no mu bisata vyose, ngo umwe wese afate ingingo zibereye, iyo duhindutse tubone no guhindura ibintu mu gihugu cacu.
23. Imwe muri izo ngingo iraturaba twese ata n’umwe yigize sindabibazwa. Ni muze twitegurire kandi twitunganirize amatora yo mu mwaka w’2020 n’ayandi azokurikira tutarinze kuzera inze.
24. Turakeje abo bose badahengeshanya gufata ingingo zitera iteka Igihugu twongera dusaba Abarundi bose kubafatirako akarorero keza.
25. Turasubiye gushimira ibihugu n’amashirahamwe vyafashe ingingo yo kudushigikira mu nzira ya demokarasi no kunagura ubutunzi bw’Igihugu cacu.
26. Turashimiye kandi abanyamigambwe baheruka kugaragaza ko barajwe ishinga na Demokarasi mu kwumvikana ku rupapuro rw’inzira igana mu matora yo 2020. Amabwirizwa ajanye n’amatora agiye guhinyanyurwa hisunzwe ibwirizwa shingiro twaraye twitoreye.
27. Ntitwokwibagira gusubira gushimira abo bose bamaze gutegera ko Urubanza rwo gushiraho no gusubiriza Inzego ari urwabo biciye mu guterera amatora no kuyitaba.
Turongeye kurarika abataritaba akamo twateye ngo bakwakwanye, maze amakungu abandanye kudutangarira no kutugira icitegererezo, na kare «Uwukuravye cane akubwiriza kwikwiza».
28. Imbere yo gusozera, turasubiye kwemerera Abarundi kwama na ntaryo dushira imbere ineza y’Abenegihugu: ubutungane kuri bose, amahoro n’umutekano, iterambere ridakumira, kunywanisha Abarundi, kurwanya ibiturire n’abanyonyeza itunga ry’igihugu, kwifatanya n’amakungu mu kurwanya iterabwoba, tudasize inyuma gukomeza imigenderanire myiza n’amakungu, kandi dukovye kwama dusengera Uburundi bwacu kugira ngo Imana yabuduhaye ibudutungire.
29. Turakengurukiye abo bose bitanga batiziganya ngo Intsinzi twaronse mu mwaka w’2015 ntiduce mu myanya y’intoke. Dusavye inzego zose gukora ibishoboka vyose kugira iyi ntsinzi ibandanye kuba iy’Abarundi bose, abadutoye n’abatadutoye, kandi itubere inzira izodushikana ku zindi ntsinzi.
30. Turangije twipfuriza Abarundi bose umusi mukuru mwiza, tuwuhimbaze mu kanyamuneza kenshi, twigire inama yo kurushirizaho gushigikira inzego n’indongozi twitoreye, tugume ku kivi, dushigikize demokarasi umwimbu ukomoka mu migambi y’iterambere, twongere twame na ntaryo tuzirikana ko Inzego zishirwaho n’amatora zigasubirizwa n’amatora.
Imana Mushoboravyose ihezagire Uburundi n’Abarundi.