IJAMBO RYA NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI
Bujumbura, igenekerezo rya 02 Munyonyo 2015
………………………………………………………..
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yatuzigamye gushika uyu musi, tukayisaba kwama hafi yacu mw’irangurwa ry’imigambi twategekanije ngo igihugu cacu gitere kija imbere.
2. Kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro uyu mwaka w’2015, aho twashikira amabanga yo kurongora igihugu muri iyi myaka itanu iri imbere, twiyemeje icese ko amahoro n’umutekano bizoba vyasasagaye mu Burundi mu kiringo c’amezi abiri.
3. Kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015, harasohotse itegeko ry’Umukuru w’Igihugu risaba zina muntu wese aba mu Burundi atunze ibirwanisho atabifitiye uruhusha kubishikiriza ku gushaka kwiwe inzego zijejwe umutekano mu kiringo kitarenze ukwezi. Ico kiringo rero caraye kirangiye. Aho kwari ukwerekana umutima w’impuhwe Leta ifitiye abo bafise ivyo birwanisho ngo babisubize ata bihano birinze
gufatwa.
4. Twashaka gutangaza icese yuko ikiringo c’ukwezi cari gikwiriye. Turashimiye cane abo bose bategereye ko gutunga ibirwanisho utabirekuriwe n’amategeko bihanwa, maze bagaheza bakigira inama yo kubisubiza badahigimanga. Turabashimiye ko bumviye akamo twabateye.
5. Abajejwe umutekano nabo nyene barakomeje gusaka barondera ibirwanisho bitunzwe n’abatabifitiye uruhusha. Muri ivyo bikorwa, harafashwe ibirwanisho n’ibindi bikoresho bigenewe inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi, tutibagiye n’imiti hamwe n’ibiyayuramutwe vyakoreshwa n’abo bagizi ba nabi. Inyuma y’amezi abiri arangiye twiyemeje kugarukana umutekano mu gihugu,na cane cane mu gisara ca Bujumbura, igikorwa inzego zijejwe umutekano zahawe carangutse ku rugero rushimishije rw’ibice mirongo icenda na bibiri kw’ijana (92%).
6. Twihweje neza rero ivyo vyashubijwe n’ivyafatanywe inkozi z’ibibi, biri mu mice indwi :
Ivyavuye hanze y’igihugu bizanywe n’imirwi y’inkozi z’ibibi mu bihugu duhana imbibe bimwe bimwe ; ni navyo vyinshi.
Ivyari vyarahawe abahoze mu nzego z’umutekano kera.
Ivyari vyahawe bamwe bamwe mu banyagihugu ngo bikingire mu gihe c’intambara.
Ivyasahuwe mu bubiko bw’igipolisi mu gihe haba kugaregeza gusenyura ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Ivyatwawe na bamwe bamwe bataye umurongo mu nzego z’umutekano bakabitorokana.
Ivyatswe uturwi tw’abasuma n’abicanyi.
Ivyavuye ahantu hafi y’imirwi yahora igwana.
7. Turakengurukiye abajejwe umutekano n’igisirikare berekanye ubuhinga n’ubutwari budasanzwe mu gusaka no gufata ibirwanisho binyegejwe mu banyagihugu, tukaba tubakeje. Ni bakomere ku muheto.
8. Gushika mu mpera y’uku kwezi kwa Gitugutu, inyuma y’amezi abiri twatanze, hamaze gufatwa inkoho 139, ibisasu biturika 151, amasasu 7151, hamwe n’ibikono vy’amasasu 151.
9. Kuva umwaka utanguye gushika mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu, wa murwi ujejwe gukura ibirwanisho mu minwe yababitunze batabifitiye uruhusha nawo umaze kwegeranya inkoho 424, ibisasu biturika 341, amasasu 12.455, ibikono vy’amasasu 416.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,
10. Dusozera umwaka w’2014 no mu ntango y’umwaka w’2015, ku mbibe z’Uburundi na Kongo, aho haba igitero c’abitwaje ibirwanisho caburijwemwo mu ntara ya Cibitoke, haciye hibonekeza umutekano muke mu duce tumwe tumwe two mu gisagara ca Bujumbura. Aha twokwibutsa umugumuko wabaye itariki 8 Ntwarante 2014 mu gisagara ca Bujumbura aho urwaruka rwo mu mugambwe MSD rwatana mu mitwe n’abajejwe umutekano, mbere bamwe mu bajejwe umutekano bagakomereka, bakagirwa imbohe, abandi bakakwa bimwe mu bikoresho vyabo vy’akazi.
11. Habandanije kuba umutekano muke, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho mu mpera z’ukwezi kwa kane bamwe mu makaritiye amwe amwe bagiye mu myiyerekano yahavuye ihinduka imigumuko ikomeye aho hibonekeje ubugizi bwa nabi bukabije. Aha twovuga nko kuzibira amabarabara, guturira ibintu mu mabarabara, guturira imiduga n’amazu, mbere hadukamwo n’ubwicanyi bukabije aho abantu bicwa baturiwe, n’abandi bishwe n’ibigwanisho bicira umuriro.
12. Iyo migumuko yari ifise intumbero yo gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu no kuburizamwo amatora y’uno mwaka, harimwo gutera abatwaye ibikoresho vy’amatora canke utuzu tw’amatora, kugira hagarukanwe intwaro z’agacinyizo n’akajagari twasezereye. Bibataye ku wamazi, baciye bafata ingendo igayitse yo guhungabanya umutekano mu kurasa no gutera ibisasu biturika ku bajejwe umutekano n’abasirikare bari ku mirimo yabo ya misi yose yo guhagararira amahoro n’umutekano bakorera mu makaritiye yaberamwo imigumuko.
13. Hakurikiye ikindi gitero c’abitwaje ibigwanisho caburijwemwo mu kwezi kwa Mukakaro uyu mwaka i Kabarore mu ntara ya Kayanza, n’i Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke, aho abagavye ico gitero bafatiwe ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu kibanyi c’u Rwanda.
14. Ivyo bitero kandi vyarakorewe n’abanyagihugu ataco bazira bibereye ku mirimo yabo ya minsi yose canke aho bakoraniye haba mu bunywero n’ahandi, aho mbere batibanga n’abakozi b’Imana nkuko vyabaye mu Kamenge, mu za Ruyigi n’ahandi.
15. Turashimira inzego z’umutekano kuko naho bimeze uko, abatari bake muri abo babisha barafatwa abandi bagateshwa, bagashengezwa imbere y’ubutungane.
16. Abagira ubwo bubisha turabakebuye ko boheba iyo ngendo idashika kuko ababatuma babata mu rudubi, nta n’uwubemanga ariho, kandi nta na kimwe muzoshikako, ni uguta umwanya no kwonona kazoza kanyu. Izo nguvu muriko murapfisha ubusa, zo gusambura, muzizane nyabuna twubake igihugu cacu.
17. Kubw’ivyo, Leta umuvyeyi wa bose ibahaye iminsi itanu, kuva uyu munsi itariki 2 gushika itariki 7 z’uku kwezi kwa Munyonyo, yo guheba no kuva muri ubwo bubisha, muzokwakirwa n’abajejwe intwaro n’umutekano, mwigishwe gukunda igihugu indwi zibiri, muce musubizwa mu banyu. Abatazitaba akamo tubateye gushika itariki 7 Munyonyo 2015 bazoca bafatwa nk’inkozi z’ibibi bahanwe n’amategeko arwanya iterabwoba, kandi barwanywe nk’abansi b’igihugu, abafashwe nabo bacibwe imanza ikibiriraho.
18. Ni akamo kanyuma tubateye, mubihebe bicitwa vuba ku neza yanyu. Atari uko muzosigara mwicuza ico mwabigiriyemwo. Mumenye neza ko umuhanuzi mubi angana umurozi, kandi ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro.
19. Twisunze akamo twatewe n’amakungu, ubutungane bwarakoze amatohoza kuri ubwo bubisha n’ivyo bitero. Ivyegeranyo vyarasohotse vyerekana abagize uruhara mu nteguro n’ishirwa mu ngiro y’iyo migambi igayitse.
20. Turahojeje abo bose bahekuwe n’ubwo bubisha buhitiye, abavyeyi, abavukanyi, incuti, abapfakazi n’impfuvyi baburiye ababo n’ivyabo muri iyo migumuko, ubwo bwicanyi n’ivyo bitero ; twongera tugabisha abagize ububisha ubuhizi, ko bitebe bitebuke intahe izobakubita mu gahanga aho bari hose.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi
21. Kubera ubwo bugizi bwa nabi bwibonekeje hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura, Inzego zijejwe umutekano zarasabwe gusubiza ibintu mu buryo. Izo nzego nazo zikaba zarafashe ingingo zibereye zatumye ubwo bugizi bwa nabi bugabanuka ku rugero rushimishije. Aha twovuga nko kugarukana uruja n’uruza mu ma karitiye yari yarazibiwe n’abagira imigumuko, gutsimbataza amakomite y’umutekano ahuriyemwo bose, kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha no kwegeranya ibirwanisho bishubijwe ku gushaka canke bifashwe ku nguvu.
22. N’aho hasubijwe hakongera hagafatwa ibirwanisho bitari bike, haracibonekeza abantu batitabiriye akamo twabateye, bagahishirira inkozi z’ibibi zagararije zikaguma zigerageza guhungabanya umutekano hamwe hamwe mu gihugu. Dushimiye abajejwe umutekano, intwro n’abenegihugu ko abagerageje kuja hagati mu gihugu batujijwe bagafatwa bose n’ibirwanisho bari bafise.
23. Dusavye abenegihugu gutegera ko gukingira ikibaba no gufata mu mugongo mwene abo babisha ari ugukwegera umucanwa mu bushambara. Tubasavye kudoma urutoke kuri izo nkozi z’ikibi bicitwa vuba aho zinyegeje hose, nakare ngo ubika umurozi bwaca akakumarira abawe.
24. Turasavye kandi ibi bikurikira :
Ø Ubwa mbere : Abajejwe intwaro, tubasavye gusuzuma ingenzi n’uruja n’uruza rw’abantu mu turere baherereyemwo bakoresheje ca gitabu kigenewe ingenzi ku munsi ku munsi, cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Tubasavye kandi kugendera kenshi abo barongoye babashikirize ubutumwa bw’ihumure, bongere babararikire gutsimbataza amahoro n’umutekano, biciye mu matangazo no mu bimenyeshamakuru.
Ø Ubwa Kabiri : Abajejwe umutekano, tubasavye guhera ubu gukora ibishoboka vyose kugira ibirwanisho bisigaye mu minwe yababitunze batabifitiye uruhusha bavyakwe kandi bongere bafatwe bashengezwe imbere y’ubutungane. Tubasavye gukoresha ubuhinga bwose mwize mu kurangura ico gikorwa. Vyongeye, mukoreshe uburenganzira bwose murekurirwa n’amabwirizwa n’amategeko abagenga mu vyo kubungabunga no kugarukana umutekano. Guhera ubu muhawe uburenganzira bwo gukoresha ibikoresho mwahawe bibafasha gutora aho hose havugwa ibigwanisho gushika umutekano ugaruke. Ico gikorwa gitegurwe neza maze gitangure igenekerezo rya 8 Munyonyo 2015.
Ø Ubwa gatatu : Abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, abagize ama Komite y’umutekano n’abenegihugu, twese duhamagariwe kuvira hasi rimwe kugira uturwi tw’abicanyi dutuzwe, twakwe ibirwanisho dufise mu nzira zose zishoboka, bitarenze uku kwezi kwa Munyonyo, cane cane ngaha mu gisagara ca Bujumbura.
Ø Ubwa kane : Twisunze ingingo zapfunditswe n’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano ; tukisunga ivyiyumviro abanyagiguhu bashikirije mu manama twagiye turagirisha ; twisunze kandi ivyiyumviro vyashikirijwe n’abajejwe umutekano n’abasirikare ubwabo ; Ubushikiranganji bw’umutekano busabwe gushiraho vuba na bwango ibwirizwa rihasha ibikorwa vy’iterabwoba, nkuko vyakozwe mu bihugu habaye bene ubu bwicanyi n’ububisha, ribe ryabonetse imbere yuko uku kwezi kwa Munyonyo guhera. Inzego z’inama nshingamateka na nkenguzamateka zizoca zirikorerako kugira bidufashe gutuza ubwo bugizi bwa nabi n’ubwicanyi.
Ø Ubwa gatanu : Abajejwe ubutungane nabo, tubasavye gucira imanza ikibiriraho abafatanywe ibirwanisho n’abafashwe bari mu mirwi y’inkozi z’ibibi n’abicanyi.
Ø Ubwa gatandatu : Gufata ingingo zo guhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe itohoza ryerekanye ko afise uruhara mu bwicanyi no gusahura ibirwanisho vy’igihugu, vyajanye n’imigumuko n’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi.
Ø Ubw’indwi : Gucira imanza vyihuta abafashwe bagirizwa ubwicanyi bwafatanye n’imigumuko yo gutembagaza ubutegetsi. Abera bere, abagiriwe n’ivyaha imanza zabo zicike vuba.
Ø Ubw’umunani : Dusavye ibihugu vyakiriye abo ubutungane bwerekanye muri iryo tohoza kubafata bacibwe imanza aho bari canke babarungikire ubutungane bw’Uburundi.
25. Turasavye kandi dushimitse, ko ata muntu n’umwe, yaba Umurundi canke Umunyamahanga, yofata mu mugongo izo nkozi z’ikibi. Ku kaba nkako, biramaze kugaragara ko imirwi y’iterabwoba igoye kurwanya iyo yamaze kugajura. Ni co gituma dusavye Abarundi n’amakungu boba bafasha canke biyumvira gufasha abo babisha mu buryo ubwo ari bwo bwose, ngo bikubite agashi babihagarike.
Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi ;
26. Turasavye Abarundi ngo bitegurire ibiganiro bibahuza bigiye kubera mu gihugu cose, baje inama n’ingingo maze amakungu asubire kudutangarira. Iragi twarazwe na basokuruza hamwe n’intwari nka Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo, Rwagasore na Ndadaye, bikomeze kutubera akarorero, n’umusurusuru wo gukomeza igihugu cacu, aribwo Burundi bwacu.
27. Imbere yo kurangiza, twashaka gushimira wa murwi w’igihugu ujejwe kwaka ibirwanisho ababifise batabifitiye uruhusha, CNAP, ku gikorwa gihimbaye bamaze kurangura. Ni bakomere ku muheto, Leta irabashigikiye.
28. Turashimiye kandi Inama y’igihugu ijejwe umutekano ukuntu bamaze iminsi bari mw’isekeza ryo kwigisha abatowe bashasha hamwe n’abanyagihugu inyigisho zo gukunda igihugu no gutsimbataza umutekano, babicishije muri ya makomite y’umutekano ari mwo bose, ndetse n’inyigisho zo gukunda igihugu.
Biragaragara ko umutekano w’igihugu wiyongereye, kuko abashaka kuwuhungabanya badatera intambwe. Tubasavye kubandanya iryo sekeza, bafadikanije n’abajejwe intwaro, ubutungane, n’abenegihugu.
29. Mu kurangiza, turateye akamo Abarundi benewacu ngo bakunde igihugu cabibarutse, bime amatwi ba sesankuyoze, bategere ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro. Maze twese ata numwe avuyemwo, twubake igihugu cacu, dutegurire kazoza keza abana, abuzukuru n’abuzukuruza bacu.
30. Inganji twaronse tuyikesha abenegihugu, ariko n’incuti z’Uburundi zarabigizemwo uruhara. Uwuzokwitambika imbere yayo azohura n’Imana. Vyongeye, mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu c’Uburundi, twama turirimba ku munsi ku munsi, handitse ngo “Imana yakuduhaye ikudutungire”.
31. Dushize rero mu maboko y’Imana abajejwe umutekano, abasirikare, abajejwe igendereza, abajejwe intwaro, abajejwe ubutungane, za Komite z’umutekano zihurikiyemwo bose, n’abarundi bose, ngo ibarongore muri kino gikorwa tubahamagariye co gusozera kugarukana umutekano muri kuno kwezi kwa Munyonyo.
32. Imana ibarongore kandi ibashoboze, maze abarundi tuze dusozere umwaka turi mu mahoro n’umutekano mu gihugu cose, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.
33. Muri iki gihe turiko turasozera umwaka, turateye akamo inzego zo kwivuna abansi n’izumutekano ngo bame barikanuye, bacungere imbibe z’igihugu bikomeye ntihagire abagerageza gushaka kudutobera nkuko vyabaye mu mwaka uheze, maze abenegihugu basozere umwaka mu mutekano no mu munezero nta ngere ata nkomanzi.
34. Twame tuzirikana ko ata muntu n’umwe azoza akunda Uburundi kurusha Abarundi benebwo, hamwe n’Imana yaburemye.
IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI
MURAKOZE
Source : http://presidence.gov.bi/spip.php?article5744